Uko wahagera

Abaganga muri Aljeriya Bararwanya Manda ya 5 ya Perezida Bouteflika


Abari mu myiyerekano yiyamiriza kwitoza kwa perezida Bouteflika muri Algeriya

Abaganga barifatanije n’abashingwamanza baharurwa mu majana ejo kuwa kane i Alger ku murwa mukuru wa Algeriya mu myiyerekano yiyamiriza Abdelaziz Bouteflika mu twigoro turiko turakorwa two kumuha uburenganzira buva ku baganga bwemerera uwo mutama w’imyaka 82 kwitoza muri manda ya gatanu.

Bouteflika yifashisha intebe mu kugenda kuva aho agiriye ibibazo vy’umutima muri 2013, kandi aboneka gake ku mugaragaro.

Iyo myiyerekano iba nka buri musi, imaze indwi zibiri itanguye, kandi abayitunganya bahamagarira iyindi kuri uyu wa gatanu.

Bouteflika yagabishije ejo kuwa kane ko abagizi ba nabi bashobora kugerageza kwivanga muri yo kugira batere imigumuko imbere y’amatora yo mu kwezi kwa kane italiki 18.

Bouteflika, ari ku butegetsi imyaka irenga mirongo ibiri, yemereye abanyagihugu ko ashobora kuzotunganya inama nkuru y’igihugu yo guhitamwo italiki y’ayandi matora avuga ko atazobamwo.

Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro muri Aljeriya yavuze ko kw’igenekerezo rya 14 z'uku kwezi ishobora gushikiriza ingingo ya nyuma ku kwemerera canke guhakanira Bouteflika kwitoza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG