Uko wahagera

Igitero c'Ubwiyahuzi Cahitanye Batanu muri Somaliya


Muri Somaliya, abantu batanu bishwe, abandi barenga icenda barakomereka uyu musi ku wa kane. Ni inyuma y’aho ikibombe giturikiye iruhande y’uburiro buri hafi y’ingoro ya Prezida ku murwa mukuru Mogadisho.

Mu baguye hamwe n’abakomerekeye muri ico gitero, harimwo abajejwe umutekano hamwe na nyene ubwo buriro, bwabereyeko ico gitero. Nyene ubwo buriro yabwiye Ijwi rya Amerika ko ico kibombe caturikiye mu mudoka yari yahagaritswe kw’ibarabara.

Ubwo buriro bugenderwa cane n’abasirikare ba reta, basanzwe bakorera ku kirindiro c’ingoro y’umukuru w’igihugu. Aho ni ku gice c’ikirometero kimwe c’ahabereye ico gitero.

Umurwi w’intagondwa al-Shabab watangaje ko ari wo wakoze ico gitero. Uyo murwi wasiguye kandi ko wishe abasirikare ba reta batandatu.

Ico gitero gikozwe haheze indwi imwe ibindi bibombe bibiri vyishe abantu bashika 30 hamwe n’abandu 140 bakomeretse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG