Uko wahagera

Mogadisho Yongeye Kwibasirwa n'Ibitero


Muri Somaliya, abantu batanu bishwe, abandi barenga icenda barakomereka, inyuma y’aho ikibombe giturikiye iruhande y’uburiro buri hafi y’ingoro y'umukuru w'igihugu, ku murwa mukuru Mogadisho.

Mu baguye hamwe n’abakomerekeye mur’ico gitero, harimwo abajejwe umutekano hamwe na nyene ubwo buriro bwabereyeko ico gitero. Nyene ubwo buriro yabwiye Ijwi rya Amerika kw’ico kibombe caturikiye mu modoka yari yahagaritswe kw’ibarabara.

Ubwo buriro busanzwe bugenderwa cane n’abasirikare ba reta, basanzwe bakorera ku kirindiro c’ingoro y’umukuru w’igihugu, iri ku gice c’ikirometero c’ahabereye ico gitero.

Umurwi w’intagondwa al-Shabab watangaje ko ariwo wakoze ico gitero. Uyo murwi watangaje kandi ko wishe abasirikare ba reta batandatu.

Ico gitero gikozwe haheze indwi imwe, ibindi bibombe bibiri vyishe abantu bashika 30 hamwe n’abandu 140 bakomeretse.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG