Uko wahagera

RDC: Tshisekedi na Kabila Bemeye Gushinga Reta y'Ubumwe


Perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Félix Thsisekedi mu nama i Kinshasa, italiki 19/02/2019.
Perezida wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Félix Thsisekedi mu nama i Kinshasa, italiki 19/02/2019.

Muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo Perezida Felix Tshisekedi aheruka gutorwa hamwe n’uwo yasubiriye Joseph Kabila ejo kuwa gatatu bavuze ko bumvikanye gushinga reta y’ubumwe inyuma y’ibiganiro.

N’aho Tshisekedi yatsinze amatora yakurikiwe n’ihanahana ry’ubutegetsi rya mbere ryabaye mu mahoro kuva ico gihugu cikukira mu 1960, uwo mugabo w’imyaka 55 y’amavuko yisanze abwirizwa gusangira ubutegetsi.

Mw’itangazo bashikirije hamwe ejo kuwa gatatu, Tshisekedi na Kabila bavuze ko n’aho urunani Front Commun pour le Congo, rufise abashingamateka benshi, izo mpande zibiri zizotwarira hamwe mu gushinga reta y’ubumwe.

Ibi babishikirije inyuma y’urugendo Tshisekedi yagize mu ndwi iheze muri Namibiya aho yashikirije agashavu k’uko atashoboye gutsindira inama nshingamateka kugira abashe kwihitiramwo umushikiranganji wa mbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG