Uko wahagera

Kongre y'Amerika Iriyamiriza Urwanko ku Bayisilamu n'Abayahudi


Depite Ilhan Omar ari kuri Capitol, aho inteko nshingamateka y'Amerika ikorera hano mu mujyi wa Washington, DC, tariki ya 06/03/2019

Abagize umugambwe w’Abademokrate mu nama nshingamateka ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika bafise imigambi y’ukwiyamiriza urwanko rugirirwa abayislamu n’abayahudi. Ni mu gihe bariko bashengeza umushingateka mushasha w’umudemokrate Ilhan Omar, umunyamerika w’umuyislamu akomoka muri Somaliya yanebaguye igihugu ca Isiraheli mu buryo abantu benshi babonye ko bigityoza.

Ingingo abo bashingamateka b’abademokrate, ibonwa ko izofatwa mu matora azoba ejo ku musi wa kane, ntivuga mw’izina umushingamateka Ilhan Omar. Omar ni umwe mu bapfasoni 2 b’abayislamu batowe mu nama nshingamateka ya Amerika mu matora yabaye mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze.

Yashikiye icese amabanga yiwe y’umushingamateka mu ntango z’ukwezi kwa mbere kw’uyu mwaka. Yamara iyo ngingo yerekeye mu vy’ukuri uwo mushingamateka w’imyaka 37. Yamuka muri reta ya Minnesota.

Uyu Ilhan Omar yarashavuje bagenzi we b’abademokrate batari bake kubera ivyo yavuze vyanebagura ukugene Amerika imaze igihe kirekire ishigikiye Isiraheli. Benshi mu bademokrate babonye ko ivyatangajwe na Ilhan Omar bityoza abayahudi. Ni yo mpamvu babinebaguye

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG