Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaragabishije ejo kuwa kabiri ko abanyagihugu bakeneye imfashanyo zihutirwa muri Burkina Faso, igihugu gihanzwe n’ibitero vy’iterabwoba hamwe n’ugusubiranamwo hagati y’amoko.
Icegera c’umukuru w’igisata ca ONU kijejwe imfashanyo, Ursula Mueller ashikiriza ko imiryango iharurwa mu bihumbi ibandanya guhunga umutekano muke, ni inyuma y’urugendo rw’imisi ine yari amaze mur’ico gihugu co muri Afrika y’uburengero.
Mu kwezi kwa kabiri, reta hamwe n’abatanga imfashanyo basavye imfashanyo y’imiliyoni 100 z’amadolari yo gufasha abanyagihugu bashika ibihumbi 900 basinzikaye kurusha abandi.
Burkina Faso kiri mu bihe vy’umutekano muke ubandanya uyangara cana cane mu buraruko n’ubuseruko bw’igihugu. Umurwa mukuru Ouagadoudou waragabwemwo ibitero vy’iterabwoba.
Mu kwezi guheze, Reta zunze ubumwe za Amerika yaragabishije abanyagihugu bayo kwirinda kugira ingendo muri Burkina Faso kumvo z’umutekano muke hamwe n’iterabwoba birangwa mur’ico gihugu.
Facebook Forum