Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump ejo ku musi wa mbere yarafashe ingingo yongera ikiringo c’umwaka ibihano bifatiye ku butunzi Amerika yafatiye igihugu ca Zimbabwe.
Prezida Trump yavuze ko imigambi ya reta nshasha ya Zimbabwe ibandanya kubangamira Amerika mu makungu.
Iyo ngingo ifashwe mu gihe abategetsi batari bake mu bihugu vya Afrika, barimwo Prezida w’Afrika y’Epfo Cyil Ramaphosa, bari basavye ko ivyo bihano vyovanwaho kugira Zimbabwe kironke akaryo ku kuzamura ubutunzi bwaco.
Abategetsi ba reta ya Amerika basigura ko ivyo bihano bitazofutwa imbere y’uko Prezida Emmerson Mnangagwa ahindura amategeko abangamiye ubwigenge bwo gutangaza amakuru hamwe n’umwidegemvyo w’abanyagihugu.
Facebook Forum