Uko wahagera

ONU Yiyamiriza Uburundi Gufunga Ibiro Vyayo by'Agateka ka Muntu


Madame Michelle Bachelet, komiseri mkuru w'Ibiro vya ONU vyitaho agateka ka zina muntu. Yahoze ari prezida wa Chili.
Madame Michelle Bachelet, komiseri mkuru w'Ibiro vya ONU vyitaho agateka ka zina muntu. Yahoze ari prezida wa Chili.

Umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe kwitaho agateka ka zina muntu, uyu musi ku wa kabiri yatangaje ko reta y’Uburundi yategetse ko ibiro vyaryo mu Burundi vyugara. Ivyo biro vyari bimaze imyaka 23 bihakorera.

Mu kwezi kwa 12, reta y’Uburundi yarasavye ivyo biro kwugara. Ivyo vyabaye inyuma y’amezi atari make, umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ujejwe agateka ka zina muntu utangaje ko Uburundi ari kimwe mu bihugu vya mbere muri iyi myaka kigandagurirwamwo abanyagihugu benshi.

Umukuru w’ibiro vy’ishirahmwe mpuzamakungu bijejwe agateka ka zina muntu, Michelle Bachelet yaratangaje ko intambwe Uburundi bwari bwaragezeko mu kwubahiriza agateka ka zina muntu yasubiye inyuma cane kuva mu mwaka w’2015.

Reta y’Uburundi yarashavujwe n’amaraporo yasohowe n’ishirahamwe mpuzamakungu. Iryo shavu ryariyongereye igihe abacamanza bo muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha batanga uburenganzira bwo gutohoza ibirego bivuga ko reta yashigikiye ivyaha birimwo ubwicanyi, gufata abakenyezi ku nguvu, hamwe n’ugukubagura abanyagihuhu.

Reta y’Uburundi yariyamirije, yongera irahakana ivyo birego. Yo yavuze ko ivyo birego bitangwa n’abarundi bahunze bashaka kwambika ibara igihugu

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG