Abanyamerika bane n’umudereva w’umunyakenya bapfuye igihe indege ya kajugujugu yagira impanuka mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Kenya.
Iyo mpanuka yabereye kw’izinga ririmwo uruhongore kama mu kiyaga Turkana ejo ku musi wa mungu.
Abajejwe gutabara batoye ibisigarira vy’iyo ndege gatoyi inyuma y’isaha icenda zo mw’ijoro. Itohoza rivurwa ko ririko riraba kugira icatumye iyo mpanuka iba kimenyekane.
Ambasade ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje yashikirije amazina y’abanyamerika bane bapfuye. Abo ni Anders Asher, Jesiah Burke, Breandon Howe Stapper na Kyle John Forti.
Mu kwezi guheze abanyamerika babiri bari mu bantu batanu bapfuye igihe indege barimwo yagira isanganya igihe bariko bagana ahitwa Lodwar hafi y’ikiyaga Turkana.
Facebook Forum