Perezida amaze igihe kirekire ku butegetsi muri Algeriya, Abdelaziz Bouteflika yashikirije ejo kuw’Imana ko ashobora kutazomara ikiringo cose ku butegetsi mu gihe yokwongera gutorwa mu kwezi kwa kane, ni mu gihe kandi imyiyerekano yiyamiriza ukwitoza kwiwe mu kiringo ca gatanu ibandanya.
Abdelghani Zaalane ajejwe ibikorwa vyo kwiyamamaza vya Bouteflika yavuze ko perezida ashobora kuzotumako ayandi matora mu mwaka umwe mu gihe yotsindira ikiringo ca gatanu. Yabishikirije igihe yariko aratanga ibisabwa kugira Bouteflika yemererwe kwitoza mu matora yo mu kwezi kwa kane.
Bouteflika, ari ku butegetsi kuva mu 1999.
Bouteflika amaze igihe ataja ahagaragara kuva mu 2013 aho yagira ibibazo vyo mu bwonko. Igihugu ca Algeria kizotunganya amatora y’umukuru w’igihugu kw’itariki 18 z’ukwezi kwa kane.
Facebook Forum