Uko wahagera

Abantu 15 Bahitanwe na Bombe za Al Shabab muri Somaliya

Abatabara bariko bakura abakomeretse ahaturikiye bombe ahari i Hoteli i Mogadishu, kw'ibarabara ricamwo abantu benshi, Maka Al Mukaram street, Somaliya. Italiki 28/02/2019.
Abatabara bariko bakura abakomeretse ahaturikiye bombe ahari i Hoteli i Mogadishu, kw'ibarabara ricamwo abantu benshi, Maka Al Mukaram street, Somaliya. Italiki 28/02/2019.

Bombe zibiri z’abiyahuzi zaturikiye i Mogadishu ku mugoroba wo kuri uyu wa kane, zica abantu bashika 15, nk'uko umutegetsi muri Somaliya yavyiganiye Ijwi ry’Amerika.

Bombe ya mbere yaturikijwe isaha zibiri z’ijoro mu masaha ya Somaliya, igihe imodokari yarimwo ibisasu iturikiye kw’ibarabara rigenderwamwo abantu benshi, Maka Al-Mukarama Road. Ababibonye bavuga ko abantu barenga cumi baciye bapfa.

Haheze isaha imwe, iyindi bombe yaciye iturika hanze y’ihoteli i Mogadishu. Nta bitigiri vy’abapfuye kuri iyi ya kabiri vyatanzwe.

Umuhari w’iterabwoba wa Al-Shabab wiyemereye ko ari wo ubazwa ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG