Uko wahagera

Ekleziya Gatolika Irasaba Kwirinda Ingwano muri Sudani y'Ubumanuko


Ekleziya Katolika yo mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko yagabishije uno musi ku wa kane ko amasezerano y’amahoro amaze amezi atandatu agenewe guhagarika ingwano yihaye inkumbi ariko arasambuka. Ekleziya Katolika ivuga ko impande zose ziriko zitegurira intambara.

Umwepiskopi, Paulino Lukudu, yabishikirije mw’itangazo rikomeye rishigikiwe n’abepiskopi mu gihugu ca Sudani yo mu bumanuko inyuma y’ibiganiro vyabereye ku murwa mukuru, Juba. Asigura ko impande zose ziriko zitana mu mitwe canke ziriko zitegurira ingwano.

Musenyeri Lukudu avuga ko agaciro k’ubuzima bw’ikiremwa muntu kariko karibagirwa mu gihe ityozwa ry’agateka ka muntu ribandanya harimwo ubwicanyi, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu, gusahura n’ugufata amatongo y’abanyagihugu.

Abayobozi ba Ekleziya Katolika bafise ijwi rikomeye muri Sudani yo mu bumanuko. Baragize uruhara rukomeye mu guhuza impande zose zitana mu mitwe muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG