Uko wahagera

USA: Abashingamateka Bahakanye ko Igihugu Kiri mu Bihe Kibangamiwe


Uko perezida Donald Trump yipfuza ko uruzitiro rumera.
Uko perezida Donald Trump yipfuza ko uruzitiro rumera.

Inama nshingamateka yaratoye yongera iremeza ejo kuwa kabiri guhagarika ivyashikirijwe na perezida Donald Trump ko igihugu kiri mu bihe kibangamiwe ku rubibe Amerika ihana na Mexique.

Perezida Donald Trump yashikirije ko ashobora kuzokwikora ko yandi mafaranga yo kwubaka uruzitiro bitarinze kwemezwa n’abashingamateka.

Vyari vyitezwe ko inama nshingamateka yiganjemwo abademokrate ivyemeza, ariko ntibigaragara ko sena nayo yiganjemwo abarepublikani ivyemeza.
Naho sena yovyemeza, perezida Trump yavuze ko azovyanka.

Hazoba urugamba muvy’amategeko kuri uyo mugambi wa Trump wo kwubaka uruzitiro rw’ibirometero 320 hakoreshejwe amafaranga yamaze guhabwa ibisata vya reta.

Trump yavuze ko yiteze gutsindwa mu masentare y’ibanze ariko ko azotsinda muri sentare nkuru y’igihugu.

Kuva mu bihe vy’imyiyamamazo yo muri 2016, Trump yamye avuga ko Reta zunze ubumwe za Amerika gikeneye uruzitiro ruhagarika abantu binjira mur’ico gihugu mu buryo butemewe n’amategeko.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG