Uko wahagera

Muhammadu Buhari wa Nijeriya Yatsinze Amatora


Perezida Muhammadu Buhari ahejeje gutora muri reta ya Daura, Katsina, Nigeria, itariki 23/02/2019.
Perezida Muhammadu Buhari ahejeje gutora muri reta ya Daura, Katsina, Nigeria, itariki 23/02/2019.

Perezida wa Nijeriya Muhammadu Buhari yarongeye gutorwa mu kindi kiringo c’imyaka ine ejo kuwa kabiri, inyuma y’aho abatavuga rumwe nawe bagerageje guhagarika guharura amajwi.

Ku majwi yose amaze guharurwa, havuyemwo ayo muri reta imwe, abategetsi b’umurwi utunganya amatora bahaye Buhari amajwi arenze cane ay’uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu Atiku Abubakar.

Buhari vyitezwe ko ashikiriza ijambo ry’iyo ntsinzi ariko aramaze kwandika ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko anezerejwe cane n’ibimaze gukorwa.

Umugambwe ukomeye utavugarumwe n’ubutegetsi, le parti democratique du peuple, wasavye komisiyo y’amatora guhagarika guharura amajwi, uvuga ko amakuru ari ku makarata y’abatoye yahinduwe. Uwo mugambwe nturavuga nimba uzokwitwara.





Facebook Forum

XS
SM
MD
LG