Uko wahagera

Prezida Buhari Aracyarusha Abubakar Amajwi mu Matora muri Nijeriya


Prezida Muhammadu Buhari akurikirana ibarura ry'amajwi y'amatora
Prezida Muhammadu Buhari akurikirana ibarura ry'amajwi y'amatora

Muri Nijeriya, amajwi ya Prezida Muhammadu Buhari mu matora y’umukuru w’igihugu, uyu musi ku wa kabiri yabandanije kwiyongera muri iki gihe ibiharuro vy’amajwi mu ntara zitandukanye biriko birashikirizwa.

Buhari afise amajwi umuliyoni arusha uwo bariko barahiganwa. Asaba abanyagihugu kumwongera umwanya wo kunagura imigambi yo kwubaka igihugu yatanguye, yononewe n’ibihe vy’ubukene bukabije, hamwe n’umutekano muke waranzwe mu ntara zitari nke zitandukanye.

Mu biharuro bimaze gushikirizwa, Buhari yatsindiye intara 10 ku ntara 36 zigize Nijeriya. Umukandida bariko barahiganwa, Atiku Abubakar, umunyatungo akomeye yigeze kuba visi prezida, amaze gutsindira intara zitanu hamwe n’amakomine yo ku murwa mukuru.

Igikorwa co guharura amajwi kirashobora kubandanya n’ejo ku musi wa gatatu, kuko hari intara zikomeye zitari nke, zitarashikiriza amajwi y’ayo matora. Abantu benshi bavuga ko aya ari amatora ya mbere, abahiganwa begeranye cane mu majwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG