Umukuru wa Koreya ya ruguru, Kim Jong Un, yamaze gushika mu gisagara ca Hanoi, muri Vietnam, aho agiye mu nama nkuru igira kabiri, imuhuza na Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump.
Iyo nama, izoha akaryo abo bategetsi ko kuyaga ku twigoro two gukura ibigwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Korea ya ruguru.
Inyuma y’aho Kim ashikiye ku rubibe rw’igihugu ca Vietnam na gali ya moshi uyu musi ku wa kabiri mu gitondo ajabutse Uubushinwa, we hamwe n’abamugendanira, baciye bajanwa n’imodoka zikwirikirana kw’ihoteli yo mu gisagara ca Hanoi. Ni urugendo rwafashe amasaha abiri. Mu nyuma, amaze kuruhuka yaciye agendera ambassade ya Koreya ya ruguru.
Prezida Trump na we yashitse mu gisagara ca Hanoi n’indege y’umukuru w’igihugu Air Force One,mu kanya gaheze. Ku musi wa mungu, Trump yabwiye ba bulamatari b’intara zitandukanye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ko we hamwe na Kim babona ibintu co kimwe. Yongeyeho ko yizeye ko bazoyaga neza mu kiringo c’imisi ibiri n’igice, bagafata n’ingingo zo gukura ibigwanisho ruhonyanganda mu gihugu ca Korea ya ruguru.
Facebook Forum