Uko wahagera

Amerika Ishigikiye Juan Guaido 100 kw'Ijana muri Venezuela


Uwiyemereye ko ari perezida wa Venezuela w'imfatakibanza, Juan Guaido, na perezida wa Colombia, Ivan Duque hamwe n'icegera ca perezida w'Amerika, Mike Pence mu nama ku kibazo ca Venezuela i Bogota, Colombia, itariki 25/02/2019
Uwiyemereye ko ari perezida wa Venezuela w'imfatakibanza, Juan Guaido, na perezida wa Colombia, Ivan Duque hamwe n'icegera ca perezida w'Amerika, Mike Pence mu nama ku kibazo ca Venezuela i Bogota, Colombia, itariki 25/02/2019

Abakuru b’ibihugu vyo muri Amerika bavuganye ingene bokura perezida Maduro ku Butegetsi n’ingene imfashanyo zicugarijwe ku mbibe zokwinjira muri Venezuela.

Reta ya perezida Donald Trump irashigikiye 100 kw’ijana uwo yemera, Juan Guaido nka perezida wa Venezuela w’imfatakibanza. Ivyo vyashikirijwe n’icegera ca perezida w’Amerika Mike Pence ejo kuwa mbere, igihe yashikiriza izindi mfashanyo z’ubutunzi ku banyagihugu ba Venezuela.

Pence yashikirije ko perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro abwirizwa kugenda.

Mu gihe bari mu nama i Bogota, ku murwa mukuru wa Colombia hamwe n’abakuru b’ibihugu mur’ako kerere, abo bategetsi bavuganye ingene bokura Maduro ku butegetsi n’ingene imfashanyo zicugarijwe ku mbibe na Brezila na Colombia zokwinjira muri Venezuela.

Pence yashikirije kandi ibindi bihano ku bategetsi muri Venezuela, harimwo ba buramatari b’intara zagize uruhara mu mudugararo yabaye mu mpera z’indwi ku mbibe hamwe n’umwe mu begereye hafi Maduro.

Inama y’abategetsi bo mu bihugu vyo mu murwi Lima yatunganijwe inyuma y’aho mu ndwi iheze habaye imigumuko ku mbibe Venezuela ihana na Colombiya hamwe na Brezil, aho abasirikare bayoboka Maduro bahagarikiye imfashanyo z’ibifungurwa n’imiti vyarungitswe na Reta zunze ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG