Uko wahagera

Vatikano: Inama ku Kibazo c'Ubusambanyi mu Ndongozi za Ekleziya


Papa Fransisiko mu nama izomara imisi ine ku kibazo c'ubusambanyi mu ndongozi za Ekleziya. Vatikano, itariki 21/02/2019.
Papa Fransisiko mu nama izomara imisi ine ku kibazo c'ubusambanyi mu ndongozi za Ekleziya. Vatikano, itariki 21/02/2019.

Papa Francisiko ejo kuwa kane yaruguruye inama yo guca irya n’ino ikibazo kimaze igihe kirekire c’amabi afatiye ku gitsina akorwa n’abakozi ba Ekleziya.

Ku musi wa mbere w’iyo nama izomara imisi ine iriko irabera i Vaticano, Papa yabwiye indongozi 190 za Ekleziya katolika ko abakristu bariko barabakurikirana kandi barindiriye inyishu n’ingigo zikomeye zizova muri uyo mwihwezo zitagarukira gusa kunegura ibiba, ariko ziherekezwa no guhana abashurashuje abakiri bato.

Yasavye abitavye iyo nama kwumviriza amarira y’abana bato bakeneye ko ubutungane bwokora.

Iyo nama itumbereye kwigisha abarongozi b’ishengero ingene botorera umuti ivyagiriji vy’ubusambanyi n’ingene bokwifata imbere y’abahohotewe, hatibagiwe kurinda ibibazo nk’ivyo muri kazoza. Ibibazo vy’ubusambanyi muri Ekleziya vyaravuzwe cane mur’iyi myaka 30, aho amaraporo atari make yagiriza abarongozi b’ishengero gufata abana ku nguvu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG