Uko wahagera

Trump ku Basirikare ba Venezuela: "Vavanura na Maduro Hakiri Kare"


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump muri Miami, Florida, itariki 18/02/2019.

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump, mw’ijambo ryiwe risa n’iryari rigenewe abasirikare ba Venezuela, yasavye ko intwaro y’igisocialiste irangira, avuga ko Amerika iriko irondera ko haba kubisikanya ku butegetsi mu mahoro ariko ngo inzira zose ziruguruye.

Trump, yabishikirije ejo kuwa mbere i Miami, muri reta ya Florida. Yasavye abasirikare ba Venezuela kwima amatwi amategeko ya perezida Nicolas Maduro kandi bemere ikigongwe bahawe n’umukuru w’inama nshingamateka, Juan Guaido, yemewe na Amerika n’ibindi bihugu 50 nka perezida w’imfatakibanza.

Trump yagabishije abo basirikare ati "Ntaho muzohungira, nta nzira muzoronka, kandi muzotakaza vyose."

Indege zitatu z’igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika zuzuye imfashanyo zigenewe Venezuela ku musi wa gatandatu niho zarwa mu gisagara ca Cucuta, muri Colombia, ziyongereye ku matoni y’imfungurwa n’imiti bikirindiriye kujabuka umupaka.

Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro avuga ko izo mfashanyo zidakenewe kandi zitubahirije amategeko mpuzamakungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG