Uko wahagera

Sudani y'Epfo, Intererano y'Abakozi ba Reta mu Mugambi w'Amahoro


Abasirikare ba reta hamwe n'abo bahora barwana bifotoje hamwe mu gisagara Kajo Keji town,inyuma y'isinywa ry'amasezerano y'amahoro, Ukwezi kwa mbere, 2019
Abasirikare ba reta hamwe n'abo bahora barwana bifotoje hamwe mu gisagara Kajo Keji town,inyuma y'isinywa ry'amasezerano y'amahoro, Ukwezi kwa mbere, 2019

Reta ya Sudani y’ubumanuko ishikiriza ko kuva mu ntango z’ukwezi kwa gatatu, izotangura gukata ku mishahara y’abakozi ya buri kwezi amafaranga y’umusi umwe azokoreshwa mw’ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’amahoro agamije kurangiza intambara hagati y’abonse rimwe.

Bamwe mu bakurikirana ibibera mur’ico gihugu baribaza ingene ivyo bizoshoboka mu gihe benshi mu bakozi ba reta bamaze amezi bataronswa imishahara.

Umushikiranganji wa Sudani y’ubumanuko ajejwe kumenyeshamakuru Michael Makuei yatanganje iyo ngingo mu ndwi iheze i Juba. Yavuze ko izo ntererano zizokurwa ku mishahara y’abakozi zizoherana n’ukwezi kwa gatandatu, kandi reta itegekanya gutoza imiliyoni 38 z’amadolari y’abanyamerika.

Ayo mafaranga azokoreshwa mu gutanga imyimenyerezo no guha ibikoresha igisirikare gishasha ciyunze, no mu bindi bikorwa.

Makuei yavuze ko reta yafashe iyo ngingo kuko amakungu atatanze amafaranga yemeye yo guherekeza ishirwa mu ngiro ry'amasezerano y’amahoro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG