Indege zitatu z’igisirikare ca Reta zunze ubumwe za Amerika zuzuye imfashanyo zigenewe Venezuela ku musi wa gatandatu niho zarwa mu gisagara ca Cucuta, muri Colombia, ziyongereye ku matoni y’imfungurwa n’imiti bikirindiriye kujabuka umupaka.
Imfashanyo zarungitswe na Amerika hamwe n’ibindi bihugu ntizirashikira abanyavenezuela ariko ziracari mu bisagara vyo muri Colombia, Brezil na Curacao.
Perezida wa Venezuela, Nicolas Maduro avuga ko izo mfashanyo zidakenewe kandi zitubahirije amategeko mpuzamakungu.
Maduro, ashigikiwe n’Uburusiya hamwe n’Ubushinwa, yabwiye igisirikare, kigisigaye kimushigikiye, kutemera ko imiduga y’imfashanyo yinjira muri Venezuela.
Juan Guaido, umukuru w’inama nshingamateka yemewe na Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu nk’umukuru w’igihugu w’imfatakibanza, afise umugambi wo kwinjiza izo mfashanyo mu gihugu mu kwezi kwa kabiri itariki 23 kandi aratangaza vyinshi kuri uyo mugambi kuri uyu wa mbere.
Facebook Forum