Uko wahagera

Prezida Trump Azohangana n'Inama Nshingamateka y'Amerika


Madame Nancy Pelosi na Senateri Chuck Schumer ni bo bayobozi b'abademokrate bakomeye mu nteko nshingamateka y'Amerika
Madame Nancy Pelosi na Senateri Chuck Schumer ni bo bayobozi b'abademokrate bakomeye mu nteko nshingamateka y'Amerika

Prezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika, Donald Trump, yatangaje ingingo zo mu bihe bigoye mu gihugu ku bibazo vyerekeye umutekano n’ingaruka mbi ku batuye ku rubibe rwo mu bumanuko bw'igihugu.

Mu gufata izo ngingo Prezida Trump aciye iruhande y’inzira yategerezwa gukwirikizwa mu bisanzwe y'inama nshingamateka. Ivyo kugira aronke amafranga ashaka gukoresha mu kwubaka uruhome ku nkengera z’urubibe n’igihugu ca Mexique.

Abitegereza ibintu bavuga ko bizotuma haba imanza mu masentare kuri izo ngingo mu bizofasha kumenya aho ububasha bw’umukuru w’igihugu bugarukira. Ingingo za Prezida Trump zishobora gushimisha abamushigikiye. Yamara bizoha inguvu kurushiriza abamwagiriza ko ariko akoresha ububasha bwo mu bihe bigoye mu buryo burengeye urugero.

Inama nshingamateka na nkenguzamateka vyaremeje ingingo y’itegeko ryerekeye umutekano ku rubibe na Mexique ejo ku musi wa kane. Iryo tegeko kandi ritanga amafranga agenewe gutuma Reta ibandanya kurangura imirimo yayo.

Prezida Trump yatangaje kandi ko azotera igikumu kw’itegeko ritegekanya amafranga Reta aikoresha. Abagize inteko ishinga amateka barumvikanye ku nteguro y’itegeko rigenga ayo mafranga ku musi wa kane. Iyo nteguro iha Prezida Tump umuliyaridi n’imiliyoni amajana atatu gusa y’amadolari agenewe uruzitiro rw’ibilometero 90 ku rubibe na Mexique.

Ayo mafranga ari musi y’imiliyaridi 5 n’imiliyoni 700 yashaka gukoresha mu kwubaka uruhome rw’ibilometero 322 ku nkengera z’urubibe na Mexique.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG