Uko wahagera

Abasirikare Bashika 40 Bishwe mu Gitero c'Umwiyahuzi mu Buhindi


Abasirikare mu Buhindi bari ahiciwe bagenzi babo, mu gitero c'umwiyahuzimu ntara ya Kashmir, italiki 14/02/2019.

Abasirikare bashika 40 barishwe ku musi wa kane mu ntara ya Kashmir mu Buhindi, igihe umwiyahuzi yari mu modoka itezwemwo bombe agongeye imodoka za gisirikare.

Ico gitero ku basirikare mu ntara ya Kashmir, cabaye ku miduga 70 ya gisirikare yari mw’ibarabara hafi y’umurwa mukuru w’iyo ntara, Srinagar.

Iki gitero gishobora kwunyura imigenderanire mibi yari isanzwe iri hagati y’Ubuhindi na Pakistani, mu gihe Ubuhindi bwagiriza Pakistani guha indaro no gufasha abarwanyi b’umuhari Jaish-e-Mohammad bagaba ibitero mu ntara ya Kashmir.

Igitigiri c'abapfa kirashobora kuzokwiyongera kuko benshi mu bakomeretse bababaye bikomeye.

Igitero c’ejo kuwa kane cabaye ica mbere cakozwe hakoreshejwe imodoka mu myaka yababa ibiri, mu gihe vyinshi mu bindi bitero vyakorwa hakoreshejwe inkoho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG