Uko wahagera

Pakistani Izokwakira Ibindi Biganiro Hagati ya Amerika n'Abatalibani


Intumwa z'Abatalibani mu biganiro na Reta zunze za Amerika ku ntambara muri Afuganistani.
Intumwa z'Abatalibani mu biganiro na Reta zunze za Amerika ku ntambara muri Afuganistani.

Intumwa za Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n’abategetsi b’aba Talibani bategekanya kubonana ku musi wa mbere muri Pakistani mu kindi gice c’ibiganiro bitumbereye kurondera umuti wa politike ku ntambara imaze imyaka 17 muri Afghanistani.

Gushika ubu ibihugu vyo mu kigobe c’abarabu arivyo Qatar na Emirat zunze ubumwe z’Abarabu nivyo bimaze kwakira iyo mibonano, aho intumwa idasanzwe ya Amerika mu guhuza abanyafuganistani, Zalmay Khalilzad, n’intumwa y’abatalibani, Sher Muhammad Abbas Stanikzai, baserukiye imirwi barongoye.

Mu nama iheruka kubera i Doha, ku murwa mukuru wa Qatar, impande zose zemeranije ko abasirikare ba Amerika bashobora kuva muri Afuganistani mu gihe Abatalibani bokwemera ko bazorwanya iterabwoba.

Umuvugizi w’Abatalibani, Zabihullah Mujahid yatangaje ku musi wa gatatu ko inama yimirije kw’igenekerezo rya 18 z’ukwezi kwa kabiri izobera i Islamabad ku murwa mukuru wa Pakistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG