Uko wahagera

USA: Abashingamateka Bahagaritse Gufasha Mu Ntambara Muri Yemeni


Abarwanyi bashigikiye aba Houthi bakoranye kugira berekane ko bashigikiye ibiganiro vy'amahoro muri Suwede, mu gisagara Sanaa, Yemeni, italiki 13/12/2018.
Abarwanyi bashigikiye aba Houthi bakoranye kugira berekane ko bashigikiye ibiganiro vy'amahoro muri Suwede, mu gisagara Sanaa, Yemeni, italiki 13/12/2018.

Inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika yiganziwe n’abo mu mugambwe w’abademokrate ejo kuwa gatatu baratoye bemeza integuro y’itegeko rihagarika imfashanyo za gisirikare Amerika iha urunani mpuzamakungu rurongowe na Arabiya Sawudite mu ntambara muri Yemeni.

Iyo nteguro y’itegeko yarungikiwe inama nkenguzamateka.

Reta zunze ubumwe za Amerika zamye zifasha urwo runani iperereza hamwe n’ibikoresho vya gisirikare mu ntambara rurimwo muri Yemeni n’aba Houti bashigikiwe na Irani.

Abashingamateka ba Reta zunze ubumwe za Amerika mu migambwe yose uko ari ibiri bababazwa n’abanyagihugu bahitanwa n’ivyo bitero, ariko kandi bababajwe n’ivyavuzwe na Perezida Trump inyuma y’igandagurwa ry’umumenyeshamakuru Jamal Khashoggi muri Konsila ya Arabiya Sawudite i Istanbul ku murwa mukuru wa Turukiya.

Mu gihe ico cemezo cokwemerwa n’abakenguzamateka, ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House vyavuze ko bitazovyemeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG