Juan Guaido atavuga rumwe na reta muri Venezuela aremeza ko imfashanyo z’ibifungurwa n’imiti zazibiwe zishobora kuzokwinjira mu gihugu kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa kabiri, n’aho perezida Nicolas Maduro yahakanye ko zitazokwinjira.
Guaido, yemewe na Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ibindi bihugu 50 ko ari we perezida w’imfatakibanza wa Venezuela, yabitangaje ejo kuwa kabiri imbere y’ibihumbi vy’abanyagihugu bamushigikiye mu rukurikirane rw’imyiyerekano igamije kugondoza abasirikare kugira bitandukanye na Maduro no kumukura ku butegetsi.
Maduro, akibandanya ashigikiwe n’igisirikare ciwe, yavuze ko iyo myiyerekano ari kimwe mu buryo Reta zunze ubumwe z’Amerika zikoresha kugira zitembagaze ubutegetsi, kandi avuga ko atazigera yemera ko izo mfashanyo zinjira mu gihugu.
Umushikiranganji wiwe w’imigenderanire n’amakungu Jorge Arreaza, kuwa mbere yarabonanye n’umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres i New York. Uwo mutegetsi wa ONU yaremeye ko yiteguye kwumvikanisha izo mpande zibiri kugira uwo mwuka mubi uri mu gihugu uhere.
Facebook Forum