Uko wahagera

El Chapo Azofungwa Ubuzima Bwiwe Bwose muri Amerika


Abajejwe kwubahiriza amategeko muri Amerika bakuye El Chapo Guzman, mu ndege ku kibuga c'indege c'i Ronkonkoma, i New York, USA. Itariki 19/01/2017

Joachim “El Chapo” Guzman arongoye umurwi ukomeye ukora urudandazwa rw’ibiyayuramutwe muri Mexique yaregetsweko ivyaha hamwe n’ibindi vyo muri uyo murwi nyene, mu rubanza rwabereye i New York muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Inyuma y’umwihwezo wari umaze imisi itandatu, sentare ya New York ejo kuwa kabiri yagirije Guzman ivyaha vyose cumi, bituma ashobora kuzomara igihe asigaje kubaho mw’ibohero.

Irangira ry’urwo rubanza rwari rumaze amezi atatu rurangije uburongozi Guzman yari afise ku murwi Sinaloa, abacamanza babona ko ari wo wa mbere wagutse kw’isi kandi ukomeye mu rudandazwa rw’ibiyayuramutwe.

Uwo mugabo w’imyaka 61, ukomoka mu gihugu cya Mexique, agiye kuzorungikwa mw’ibohero ricungerewe cane kugira ntazokwongere gutoroka. Guzman yari yaratorotse amabohero muri Mexique incuro zibiri, imbere yuko yongeye gufatwa akarungikwa muri Reta zunze ubumwe za Amerika mu mwaka wa 2017.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG