Uko wahagera

Igisilikare ca Congo Kishe Abarwanyi Bane ba ADF


Igisirikare ca Republika iharanira demokrasi ya Kongo gitangaza ko cishe abarwanyi b’umurwi, ‘Allied Democratic Forces”, ADF, mu mpfunyapfunyo. Congeye kibohoza abantu bane bari bagizwe imbohe n’uwo murwi mu gikorwa ca gisirikare cabereye mu buseruko bw’igihugu uno musi ku wa kabiri.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo mu karere ka Beni mu buseruko bw’igihugu, Major, Mak Hazukay, yatangaje ko inteko za Reta zishuye ku gitero cari cagizwe n’abarwanyi b’umurwi ADF. Uyu murwi wagirizwa ubwicanyi bwahitanye abasivile amajana n’amajana.

Mak Hazukay avuga ko inteko za reta zafashe abarwanyi 4 b’umurwi ADF, zibohoza abantu 4 bari bagizwe imbohe mu gikorwa cabereye mu gice ca Mamove. Ni hafi y’ibilometero 50 mu burengero bw’igisagara ca Beni. Atangaza ko inteko za reta zafashe imiti yari yasahuwe mu bitaro, ibirwanisho hamwe n’ipikipiki. Gushika ubu akarere ka Manove kari kirinze ibitero vy’umurwi ADF.

Umurwi ADF ukorera mu karere ka Kivu yo mu buraruko kari ku rubibe n’igihugu ca Uganda. Iyindi mirwi yitwaje ibirwanisho nayo nyene irakorera muri ako karere.

Mu kiringo c’amezi atatu arangiye, abantu 58 barapfuye mu bitero vyitiriwe uwo murwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG