Ibihumbi vy’abanyagihugu muri Haiti barihereje amabarabara ku murwa mukuru, Port-au-Prince, hamwe no mu bindi bisagara mu gihugu ku musi wa mbere, basaba perezida Jovenel Moise gutanga imihoho.
Kuduga kw'ibiciro vy’ibifungurwa hamwe na kurya ibiturire ni bimwe abari mu myiyerekano bashimikirako, aho begeka perezida hamwe n’umushikiranganji wa mbere wiwe ko ari bo bibazwa. Reta iregwa kandi kurya ibiturire mu masezerano y’ibitoro yasinye na Venezuela.
Hari umurwi w’abashingamateka bariko barasaba Moise gutanga imihoho. Mw’itangazo basohoye ejo kuwa mbere, abashingamateka bagiriza umukuru w’igihugu kugaragara muri raporo y’ibiturire muri dosiye yo gukoresha nabi amafaranga yavuye mu bitoro ico gihugu cahawe na Venezuela.
Gushika ubu, reta ntaco iriregura kuvyo iregwa n’abashingamateka.
Facebook Forum