Uko wahagera

USA: Umwumvikano ku Mafaranga y'Uruhome Yoba Igeze He?


Inyubako y'inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika.
Inyubako y'inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika.

Reta ya Amerika ishobora kwongera guhagarika ibikorwa ubugirakandi mu gihe ikiringo catanzwe na perezida Trump ngo abashingamateka bazobe bamuhaye amafaranga yo kwubaka uruhome, giherana no ku musi wa gatanu. Ibikorwa vya reta vyahagaritswe imisi 35 mu kwezi guheze kur’iyo mvo nyene.

Amafaranga yo kwubaka uruhome ku rubibe rwo mu bumanuko Amerika ihana na Mexique kiracaharirwako hagati y’abashingamateka aho perezida Donald Trump asaba imiliyaridi 5.7 z’amadolari kandi abatavuga rumwe na we bo mu mugambwe w’abademokrate bavuga ko biteguye kwemeza amafaranga, ariko ari munsi y’ayasabwa na perezida Trump.

Abashingamateka batari bake bavuze mu ndwi iheze ko bari hafi yo gushika ku mwumvikano, naho hagisigaye kumenya ico Trump ashobora kuzokwemera.

Perezida Trump ategekanya kugira urugendo ku rubibe rwo mu gisagara ca El Paso, muri reta ya Texas, mu myiyamamazo kuri uyu wa mbere ku mugoroba, urugendo rwo kwamamaza ivyo asaba vyo kwubaka uruhome ruzohagarika abimukira binjira mu buryo butemewe n’amategeko ku butaka bwa Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG