Uko wahagera

Juan Guaido Aragabisha Abazibira Imfashanyo


Juan Guaido, yiyita perezida wa Venezuela.
Juan Guaido, yiyita perezida wa Venezuela.

Juan Guaido, atavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Venezuela kandi yemerwa n’ibihugu bishika kuri 50 ko ari perezida w’imfatakibanza, yaragabishije igisirikare ku musi w’Imana ko kubuza imfashanyo kwinjira mu gihugu ari icaha co guhungabanya ikiremwa muntu.

Iryo gabisha rije mu gihe imfashanyo z’amakungu zitemerwa kumwe hagati ya Guaido na perezida Maduro, aho igisirikare ari co gihanzwe amaso.

Imiti hamwe n’imfungurwa vyarungitswe na Reta zunze ubumwe za Amerika vyarahagaritswe ku rubibe na Colombiya inyuma y’aho abasirikare ba Venezuela bugariye ikiraro gihuza ivyo bihugu bibiri.

Guaido yagiriza abazibira imfashanyo ko bakora igisa n’ihonyabwoko, akavuga ko igisirikare gishobora kuzobazwa ubwicanyi bukorerwa abakora imyiyerekano, yongera ahamagarira abanyagihugu mu myiyerekano ku musi wa kabiri yo kwibuka abantu 40 bamaze kwicwa kuva mu kwezi kwa mbere, italiki 21.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG