Uko wahagera

Perezida Erdogan Asaba Amerika Kutivanga Muvya Venezuela


Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan, ashikiriza Ijambo inama nshingamateka y'igihugu i Ankara, itariki 05/02/2019.
Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan, ashikiriza Ijambo inama nshingamateka y'igihugu i Ankara, itariki 05/02/2019.

Perezida wa Turukira Recep Tayyip Erdogan yagiriza Washington kwivanga mu bibera muri Venezuela ko ishaka gukura Nicolas Maduro ku butegetsi.

Erdogan yagize ati: "Mbega Venezuela ni igikoresho cawe?" Hari mw’ijambo yashikirije abashingamateka ku musi wa kabiri. Yongeye ati: "Maduro yatsinze biciye mu matora. Ni ubuhe bubasha ufise bwo kugena uwundi muperezida? Kandi demokarasi irihe? Mbega ibi birashobora kwemerwa?

Mu gihe Reta zunze ubumwe za Amerika n’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya bemeza ko Juan Guaido atavuga rumwe n’ubutegetsi ari we mukuru w’igihugu w’imfatakibanza, kubona Erdogan ashigikiye Maduro bishobora gutuma adahuza n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi.

Turukiya gihitiye mu bihano vy’ubutunzi cashizwemwo na Amerika. Mu mwaka uheze, ifaranga rya Turukiya ryarataye agaciro inyuma y’aho Trump afatiye ibihano Turukiya inyuma y'aho gifunze umupasitori w’umunyamerika Andrew Brunson, yaciye arekurwa mu nyuma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG