Uko wahagera

Ni iki Trump Yaranguye Muri Iyi Myaka Ibiri?


Perezida Donald Trump ashikiriza ijambo mu ngoro y'abashingamateka i Washington, DC, itariki 05/02/2019.

Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe za Amerika yishimikije ijambo yashikirije abanyamerika n’amakungu ejo kuwa kabiri yongeye gushimikira ko kwubaka uruhome ku rubibe Amerika ihana na Mexique biza imbere y’ibindi vyose, mu gihe hari ukudahuza kuri ico kibazo mu banyepolitike i Washington.

Mu gihe yashikiriza ijambo ryiwe, Trump yabwiye abashingamateka ko babwirizwa gushira hamwe kugira bahangane n’ikibazo c’umutekano w’igihugu, mu kwemeza amafaranga reta ikoresha no gukingira urubibe rwo mu bumanuko.

Perezida Trump yishimye ko yongereje ubuzi mu gihugu,kandi ko reta yiwe ifatanije n’abashingamateka banaguye amategeko araba imbohe.

Trump kandi aremeza ko reta yiwe yemera Juan Guaido nka perezida wa Venezuela mu gihe ico gihugu kikirangamwo ukudahuza kuwurongoye ico gihugu.

Yavuze kandi ko abasirikare ba Amerika bamaze imyaka 19 barwana mu buseruko bwo hagati, yemeza ko abasirikare ibihumbi 52 bakomeretse, avuga ati: Ibihugu bikomeye ntibirwana intambara idahera.

Inyuma y’iryo jambo uwaserukiye umugambwe w'Abademokrate na we yavuze uko babona igihugu cifashe ku butegetsi bwa Perezida Donald Trump.

Aho yari muri Reta ya Georgia, Stacey Abrams wo mu mugambwe w’abademokrate yashikirije ko ubutegetsi hamwe n’inkomezi z’Abanyamerika biba mu gukora cane no mu vyo bemera.

Yashikirije ko guhagarika ibikorwa vya reta kwakozwe na perezida Donald Trump vyatumye abanyagihugu bibagirwa. Asaba ko mu nama nshingamateka hakwiye kuba umwumvikano, bagashira inyungu zabo ku ruhande bagashira hamwe inguvu mu bumwe.

Stacey Abrams avuga ko abanyagihugu bipfuza kubaho ubuzima aho agashahara baronka ariko gakwiye kubacungerera umutekano. Ariko imiryango ibona indongozi z’Abarepublikani zabigije kure.

Mu biganiro vyacu vyo kuri uyu wa gatatu turabashikiriza ico abahinga n’abandi bashikiriza kuri ayo majambo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG