Uko wahagera

ONU Iriteguye Guhuza Abatumvikana muri Venezuela


Antonio Guterres
Antonio Guterres

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Antonio Guterres avuga ko ata basirikare mvamakungu bazokwinjira muri Venezuela, avuga ko ibihe vyo kurungika abanyamahanga muri Amerika y’epfo vyataye igihe.

Guterres yabibwiye Ijwi rya Amerika ari ku cicaro ca ONU i New York kuri uyu wa kabiri. Yagize ati: "Ico dusavye dushimitse ni ukwirinda ubwicanyi ubwo aribwo bwose, ata n’umwe bwungukira."

Perezida Donald Trump yashikirije ko abasirkare ba Amerika bashobora gukoreshwa muri Venezuela, ariko ntiyatomoye neza icotuma abarungika.

Guterres avuga ko yavuganye n’impande zibiri zitumvikana muri Venezuela, avuga ko atibaza ko kuja mu yandi matora bishobora gutanga inyishu.

Ariko yavuze ko abanyavenezuela aribo ubwabo bakwiye kuganira kugira batorere inyishu hamwe kandi ko ONU yiteguye gufasha muri ivyo biganiro.

Papa Fransisiko yashikirije ejo kuwa kabiri ko Vaticano ishobora gufasha mu biganiro mu gihe impande zibiri zitavuga rumwe muri Venezuela zobisaba.

Perezida Nicolas Maduro yashikirije ko yarungikiye urwete Papa rumusaba gufasha kubahuza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG