Uko wahagera

Abimukira 28 Bamuka muri Haiti Bapfiriye mu Bwato Bwibiye


Ubwato mu mipfunda y'imiyaga muri Haiti, Itarili 7/09/2017.
Ubwato mu mipfunda y'imiyaga muri Haiti, Itarili 7/09/2017.

Abategetsi mw’izinga rya Bahamas bashikiriza ko abimukira bashika 28 bamuka muri Haiti bamaze kumenyekana ko bapfuye inyuma y’aho ubwato barimwo buzamiye mw’ibahari.

Abasirikare ba Bahamas bavuga ko bashoboye gutabara abimukira 17, barimwo babiri batowe ku musozi kuri uyu w’Imana.

Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika bagenzura ibahari barafashije mu bikorwa vyo gutabara.

Ubwo bwato bwibiye ku musi wa gatandatu ku birometero 10 imbere yo gushika kw’izinga rya Abaca, mu buraruko bw’izinga rya Bahamas.

Haiti ni igihugu mu bikenye cane kw’isi kandi abanyagihugu baharurwa mu bihumbi badashobora kuronka visa zo kuja mu bindi bihugu bahitamwo guca mu nzira zigoye kandi zitemewe n’amategeko.

Abategetsi muri Bahamas bavuga ko bamaze gufata abimukira 300 bamuka muri Haiti aho umwaka ugeze ubu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG