Abanyagihugu bitavye ku bwinshi amatora y’umukuru w’igihugu muri El Salvador kuri uyu w’Imana.
Uwahoze ari umukuru w’igisagara ca San Salvador, Nayib Bukele niwe yahabwa amahirwe yo gutsinda imbere y’uko ayo matora atunganywa.
Abakandida bane bose biyamamaza bemerera ibintu bimwe abanyagihugu, birimwo kunagura ubutunzi no guhasha ubwicanyi mu gihe El Salvador ari kimwe mu bihugu vyo kw’isi hicwamwo abantu benshi.
Abanyagihugu ba El Salvadorans bari mu murwi w’abantu bo muri Amerika yo hagati bashatse kwinjira muri Reta zunze ubumwe za Amerika kurondera ubuzima bwiza baciye ku rubibe rwa Mexique.
Mu gihe ata mukandida yoshikana amajwi arenga 50 kw’ijana muri aya matora yo kuri uyu w’Imana, abakandida babiri baza imbere y’abandi bazoca bongera guhiganwa mu kwezi kwa gatatu.
Facebook Forum