Uko wahagera

Abasirikare muri Sudani Ntibashigikiye Imyiyerekano


Imyiyerekano yiyamiriza reta ya Sudani.
Imyiyerekano yiyamiriza reta ya Sudani.

Igisirikare ca Sudani cashikirije ejo kuwa gatatu ko kitazokwemera ko igihugu kigwa hasi muri iyi myiyerekano yadutse mu gihugu, nkuko umushikiranganji wo kwivuna abansi yagabishije ababangamiye umutekano mur’ico gihugu.

Imyiyerekano gushika ubu imaze indwi zitari nke, ihamagarira perezida Omar al-Bashir kuva ku butegetsi.

Iyo myiyerekano yatanguye yiyamiriza ingingo yafashwe na reta yo kuduza igiciro c’umukate mu nyuma ihinduka yiyamiriza ubutegetsi.

Umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare, Kamal Abdelmarouf, yavuze ejo kuwa gatatu ko igisirikare citeguye guhangana n’abahungabanya umutekano wa Sudani.

N’aho iyi migumuko yabaye, Bashir yaranse kuva ku butegetsi.

Abategetsi bavuga ko abantu 30 bishwe kuva iyo myiyerekano itanguye kw’italiki 19 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, mu gihe amashirahamwe aharanira agateka ka muntu avuga ko abarenga 40 ari bo bapfuye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG