Abanyamerika baharurwa mu ma miliyoni bari mu bihe vy’imbeho nyinshi cane, ivyatumye ukwiyunguruza hakoreshejwe amatereni bihagarikwa, ubuzi hamwe n’amashure birahagarikwa, ndetse hari n’amateleviziyo amwe amwe yahagaritse gushikiriza ibiganiro vyayo.
Ikigo c’igihugu kijejwe gukurikirana ibihe cashikirije ejo kuwa gatatu ko imiliyoni 25 z’abantu cane cane muri reta ya New England mu buraruko bushira ubuseruko hamwe no mu burengero bwo hagati mu ma reta ya Wisconsin, Minnesota, Illinois na Michigan bari mu bihe vyo gukanya bidasanzwe.
Ba guverineri b’amareta ya Illinois, Michigan, na Wisconsin bashize ayo ma reta yabo mu bihe bidasanzwe.
Abantu bashika bane baramaze gupfa bahitanwe n’imbeho gushika ubu. Abahinga bahanura abanyagihugu kutareka umubiri ngo ube mu mbeho iminota 10.
Facebook Forum