Uko wahagera

ONU Yatoye Imva Rusangi 15 muri Kongo


Abasirikare ba Kongo hafi y'intara ya Beni, muri Kivu y'Uburaruko
Abasirikare ba Kongo hafi y'intara ya Beni, muri Kivu y'Uburaruko

Ibinogo rusangi bishika 15 vyahambwemwo abantu vyaratowe mu buraruko bushira uburengero bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, inyuma y’imishamirano hagati y’amoko yabaye mu kwezi kwa cumi na kabiri, ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’inteko za ONU, MONUSCO muri ico gihugu ejo kuwa kabiri.

Mu ntango z’ukwezi kwa mbere, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagereranije ko abantu bashika 890 bishwe mur’izo ntureka.

Umurwi udasanzwe wa MONUSCO wagiye kwihweza ivyabaye inyuma y’uko gutana mu mitwe wasanze ibinogo rusangi 11 hamwe n’imva 43 z’abantu mu micungararo y’igisagara ca Yumbi ibindi binogo rusangi bishika kuri bine vyahambwemwo abantu bashika 170 mu kindi gisagara ca Bongende, nkuko vyashikirijwe n’umuvugizi wa Monusco, Florence Marchal.

Amatati afatiye ku moko yatewe n’ifubwa ry’umukuru wa bumwe mu bwoko niyo yandurukije ugutana mu mitwe hagati y’ubwoko bw’aba Banunu na Batende, Vyatumye reta ihagarika amatora y’umukuru w’igihugu muri ivyo bice.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG