Umugwi ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi CVR uvuga ko ugiye kubandanya igikorwa abari bagize uwo mugwi bari bamaze gukora co kumviriza abantu. Ariko bamwe mu bahoze mu nzego za reta basaba ko nyabuna co nyarutswa kikava mu nzira vuba. Ni mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yatunganijwe n'uwo murwi CVR iriko ibera i Bujumbura.
Abagize CVR bamenyesheje ko n’ubwo abari bitezwe kubashigikira mu buryo bw’amafaranga biyonjoroye mu 2015, bitabujije ko igikorwa kibandanya. Ariko kandi igikorwa kikaba kitashitse kw'ihangiro neza kuko abantu bose batumvirijwe bivuye ko itangazo ribahamagara ritabashikiye hamwe n’ihungabana rihitiye mu vya politiki.
Umumenyeshamakuru w’Ijwi ry’Amerika Diane Ndonse araduha ibisiguro kuri iyi nkuru:
Facebook Forum