Uko wahagera

USA: Trump Yatumiwe Gushikiriza Ijambo Igihugu


Perezida Donald Trump hamwe na Nacy Pelosi
Perezida Donald Trump hamwe na Nacy Pelosi

Umukuru w’inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe za Amerika Nancy Pelosi yarongeye gutumira perezida Donald Trump gushikiriza ijambo igihugu ari mu ngoro y’inama nshingamateka kw’igenekerezo rya 5 ukwezi kwa kabiri.

Iri jambo ryo muri uyu mwaka wa 2019, ubwa mbere ryari gushikirizwa kuri uyu wa kabiri w’iyi ndwi, ariko Pelosi yasavye Trump kurindira gushika abakozi ba reta basubiye ku mirimo canke arungike iryo jambo mu rwandiko.

Pelosi yisiguye ico gihe avuga imvo z’umutekano w’abategetsi kuko ababacungerera umutekano bakora badahembwa. Trump yishuye avuga ko ashobora kurondera ikindi kibanza arishikiririzamwo, ariko mu nyuma yahisemwo kurindira.

Ihagarika ry’ibikorwa vya reta rya mbere ryamaze imisi myinshi ryarangiye ku musi wa gatatu ar’uko Trump hamwe n’abakenguzamateka bemeranije guha amafaraga reta gushika kw’igenekerezo rya 15 ukwezi kwa kabiri.




Facebook Forum

XS
SM
MD
LG