Hano muri Amerika, uwitwa Roger Stone yahagaritswe ku vyaha bitari bike yagirizwa bifatiye kw’itohoza ry’umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller. Impamvu ni ukwivanga kw’Uburusiya mu matora y’umukuru w’igihugu yabaye muri Amerika mu mwaka w’i 2016. Uwo mugabo Stone yabaye umuhanuzi akomeye wa Prezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump igihe yariko yiyamamariza kuba umukuru w’igihugu.
Abapolisi bo mu biro vya Amerika bijejwe gutohoza ivyaha, FBI, bahagaritse Roger Stone mu gitondo ca kare c’uno musi ku wa gatanu muri Reta ya Florida iri mu bumanuko bwa Amerika. Ni inyuma y’uko yagirijwe ko yabeshe umurwi w’inama nshingamateka ujejwe iperereza ku kugene yakoranye n’ikibanza ngurukanabumenyi gitanga amakuru, WikiLeaks n’ubutumwa bwa email bwasahuwe mu gihe c’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’i 2016.
Bitegekanijwe ko Roger Stone arengukishwa imbere ya sentare y’igihugu ku muhingamo w’uno musi ku wa gatanu mu gisagara ca Fort Lauderdale, muri Reta ya Florida. Yatangaje ko ata caha na kimwe yakoze.
Facebook Forum