Uko wahagera

Amakungu Yemeza ko Yiteguye Gukorana na Felix Tshisekedi


Abakuru b'igihugu rutura kw'isi mu nama ya G20 i Buenos Aires, Argentina, italiki 30/11/2018

Felix Tshisekedi ararahirira kuri uyu wa kane nk’umukuru w’igihugu muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Perezida Joseph Kabila nawe ahamagarira ubumwe mu gihugu.

Ukwimikwa kwiwe kubera ku kibanza ca Palais de la Nation kiri ku murwa mukuru Kinshasa, nkuko vyashikirijwe n’abafasha ba Tshisekedi na Kabila kuri uyu wa gatatu, birangije amakenga y’abibaza aho ivyo birori bibera.

Buzoba bubaye ubwa mbere habaye guhererekanya ubutegetsi mu mahoro muri kahise k’ico gihugu gitunze ubutare bwinshi, caronse intahe yo kwikukira mu kwiganzura ubukoloni bw’Ababirigi mu 1960.

Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa gatatu zemeje Tshisekedi nk’uwugiye kuba umukuru w’igihugu kandi bashimira Kabila kuba yemeye gutanga ubutegetsi mu mahoro.

Amerika ikurikiye ivyashikirijwe n’umuryango w’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’ubumwe bwa Bulaya bavuze ko biteguye gukorana na Tshisekedi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG