Uko wahagera

USA: 5 Bishwe Barashwe muri Banki muri Florida


Umukuru w'igipolisi mu gisagara, Sebring, muri Florida, Karl Hoglund ababajwe n'ivyabaye, Sebring, Florida, Itariki 23/01/2019
Umukuru w'igipolisi mu gisagara, Sebring, muri Florida, Karl Hoglund ababajwe n'ivyabaye, Sebring, Florida, Itariki 23/01/2019

Umugabo yitwaje inkoho yarashe abantu batanu abasanze muri Banki muri reta ya Florida muri Reta zunze ubumwe za Amerika ku muhingamo wo kuri uyu wa gatatu, nkuko vyashikirijwe n’igiporisi.

Zephen Xaver, w’imyaka 21, yaciye afatwa n’igiporisi inyuma yo kugandagura abo bantu bari muri banki, mu gisagara Sebring, muri Florida, nkuko umukuru w’igiporisi Karl Hoglund yabibwiye abamenyeshamakuru.

Gushika ubu amazina y’abapfuye ntaramenyekana, kandi igiporisi ntikiravuga ibihano bimurindiriye n’icatumye akora ubwo bwicanyi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG