Uko wahagera

Sudani yo mu Bumanuko Isaba Inkunga y'Amasezerano


Perezida wa Sudani yo mu Bumanuko Salva Kiir n'uwo basinye amasezerano Riek Machar
Perezida wa Sudani yo mu Bumanuko Salva Kiir n'uwo basinye amasezerano Riek Machar

Reta y’igihugu ca Sudani yo mu bumanuko yasavye amakungu uno musi ku wa gatatu gutanga amafranga agenewe gushigikira amasezerano y’amahoro yateweko igikumu mu kwezi kw’icenda. Ishirwa mu ngiro ry’ayo masezerano ryaratebeshejwe kubera intambara zibandanya mu ntara zimwe zimwe.

Mw’ijambo yashikirije abaserukira ibihugu vyo mu mahanga, icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Deng Dau Deng, yatangaje ko ayo mafranga akenewe kugira bifashe mu gushiraho ibibanza vy’ukwegeranirizamwo imirwi yitwaje ibirwansisho. Iyo ni imwe mu ngingo zikomeye z’amasezerano y’amahoro yo mu mwaka uheze.

Deng Dau Deng avuga ko ata ntambwe zishobora gushikwako mu gihe badafise uburyo bw’amafranga.

Icegera c’umushikiranganji ajejwe ikigega, yabwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’abafransa, “Agence France Presse” ko inama nshingamateka yemeje mu mwaka w’i 2018 imiliyoni 28 z’amadolari agenewe gufasha gushira mu bikorwa amasezerano y’amahoro.

Yamara ku bwa Deng Dau Deng, gushika ubu Reta imaze kwegeranya umuliyoni n’ibihumbi amajana atandatu w’amadolari gusa.

Kuva amasezarano y’amahoro ateweko igikumu muri Sudani yo mu bumanuko mu kwezi kw’icenda mu mwaka uheze, abaserukira ibihugu vyo mu mahanga batangaje ko ugutana mu mitwe kwagabanutse muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG