Uko wahagera

USA n'Abatalibani mu Biganiro vy'Amahoro kuri Afuganistani


Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu biganiro vy'amahoro muri Afghanistani, Zalmay Khalilzad, i Kabul, Afghanistan, itariki 18/11/2018.

Abatalibani bo muri Afuganistani baruguruye ikindi gice c’ibiganiro ejo kuwa mbere muri Qatar hamwe na Reta zunze ubumwe za Amerika, nkuko bishikirizwa n’uwo muhari nyene.

Umuvugizi w’Abatalibani, Zabihullah Mujahid, yavuze ko ivyo biganiro vy’imisi ibiri biriko bibera i Doha bibandanya no kuri uyu wa kabiri.

Zalmay Khalilzad, intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe za Amerika mu biganiro vya politike bihuza abanye Afghanistani niwe arongoye intumwa za Amerika.

Uyo mubonano wo kuwa mbere wari kubera muri Pakistani aho Khalilzad yari amaze iminsi, imbere yo kuja muri Qatar. Hari amakuru avuga ko abategetsi b’Abatalibani banse kuja i Islamabad kiretse Amerika yemeye ko baganira ku mugambi wo gukura muri Afuganistani abasirikare mvamakungu barongowe na Amerika.

Ibiganiro hagati ya Amerika n’Abatalibani bibaye mu gihe umushikiranganji wa mbere wa Pakistani Imran Khan ariho yashika i Doha muri Qatar mu mibonano n’abategetsi baho. Amakuru ava mu ba diplomate yabwiye Ijwi rya Amerika ko Khan asa n’uwugiye kubonana n’abategetsi b’Abatalibani abahamagarira gukora utwigoro mu gufasha kurondera umuti wa poritike mu ntambara muri Afuganistani

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG