Uko wahagera

Umuntu Yari Aramvye Cane Kw'isi Yapfuye


Umuyapani Masazo Nomaka yapfuye afise imyaka 113

Umuntu wa mbere yari aramvye cane kw’isi yarapfuye ageze ku myaka 113.

Umuyapani Masazo Nomaka yapfuye ejo ku musi w’Imana ku rugo rwiwe i Ashoro, nkuko bishikirizwa n’umuryango wiwe.

Nomaka yavutse mu mwaka w’1905, amezi make imbere yuko Albert Einstein, umushakashatsi mu vyigwa vya physique asohoye igitabo c’ubuhinga bwiwe.

Ubuyapani kiri mu bihugu abanyagihugu bafise amahirwe yo kubaho imyaka myinshi. Gushika ubu, umuntu wa mbere yaramvye cane ni umuyapani. Jiroemon Kimura yapfuye mu kwezi kwa gatandatu 2013 afise imyaka 116.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG