Uko wahagera

Theresa May Yagumijweko Icizere n'Abashingamateka


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka y'Ubwongereza, Londres, italiki 16/01/2019.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka y'Ubwongereza, Londres, italiki 16/01/2019.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, Theresa May ejo kuwa gatatu yararokotse mw’itora ry’abashingamateka ryo kumukurako icizere, inyuma y’umunsi umwe abashingamateka banse umugambi wiwe wo gukura Ubwongereza mu muryango w’ubumwe bwa Bulaya.

Kugumizako icizere bihaye Teresa May akandi karyo ko gusubira kurondera uwundi mukenyuro wo gukura ubwongereza muri uwo muryango biciye mu mwumvikano n’abashingamateka. May afise gushika ku musi wa mbere kugira azobe yashikirije abashingamateka uwundi mukenyuro.

May yashikirije imbere y’iryo tora ko Ubwongereza bushobora kuva mu muryango wa Bulaya mu kwezi kwa gatatu itariki 29, kandi ko uwo muryango ushobora kwongereza ikindi kiringo c’ibiganiro.

Abafasha ba Theresa May bavuga ko azogerageza kugura umwanya no gusubira i Buruseli ku cicaro c’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya gusaba ibindi biganiro.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG