Uko wahagera

CPI Irafata Ingingo ku Irekurwa rya Laurent Gbagbo


Laurent Gbagbo wahoze ari perezida wa Cote d'Ivoire ari muri sentare mpuzamahanga mpanavyaha i La Haye mu Buholandi tariki 19/02/2013.
Laurent Gbagbo wahoze ari perezida wa Cote d'Ivoire ari muri sentare mpuzamahanga mpanavyaha i La Haye mu Buholandi tariki 19/02/2013.

Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha barafata ingingo uno musi ku wa gatatu ku vyerekeye nimba borekura buno nyene Laurent Gbagbo yahoze ari prezida w’igihugu ca Cote d’Ivoire hamwe na Charles Ble Goude yahoze ari umushikiranganji ajejwe urwaruka. Bompi bambitswe izera ku vyaha vy’uko bagize uruhara mu bwicanyi n’uruhagarara vyakwirikiye amatora yo mu mwaka w’i 2010.

Abashingwamanza bavuga ko bazokwunguruza urubanza igihe abacamanza bazoba bashikirije urwandiko rw’ingingo yabo ku vyerekeye Gbagbo na Ble Goude.

Abacamanza ba sentare mpuzamakungu mpanavyaha bategetse ku musi wa kabiri irekurwa ryabo. Ivyo inyuma y’uko babambitse izera ku vyaha bityoza agateka ka muntu bagirizwa harimwo ubwicanyi, gufata abapfasoni n’abigeme ku nguvu hamwe n’ugutoteza abantu.

Abashikirizamanza bavuga ko Gbagbo na Ble Goude borekurwa hari ibibanje gusabwa kugira ntibahunge ubutungane. Yamara abababuranira bavuga ko igihe kigeze ko barekurwa ata bibanje gusabwa.

Umucamanza mukuru w’iyo sentare yatangaje ko iza gushikiriza ingingo yayo mu mpera z’uno musi ku wa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG