Uko wahagera

Umugambi w'Ubwongereza wa Brexit Washeshwe n'Abashingamateka


Theresa May, igihe abashingamateka batora bahakana ko Ubwongereza buva mu Bumwe bwa Bulaya. Italiki 15/01/2019
Theresa May, igihe abashingamateka batora bahakana ko Ubwongereza buva mu Bumwe bwa Bulaya. Italiki 15/01/2019

Inama nshingamateka y’Ubwongereza ejo kuwa kabiri yarahakanye ku majwi menshi umugambi w’umushikiranganji wa mbere Theresa May wo gukura Ubwongereza mu muryango w’ibihugu bigize ubumwe bwa Bulaya.

Ivyo vyatumye haba amakenga y’ingene ico gihugu kizova mu muryango w’ibihugu 28 kw’isango ryari ritegekanijwe ryo kuwa 29 z’ukwezi kwa gatatu.

Umukuru w’umugambwe utavuga rumwe na reta, Parti travailliste, Jeremy Corbin yavuze ko iryo tora ari itsindwa ry’umugambwe wa May w’aba Conservateurs kandi agasaba ko kuri uyu wa gatatu inama nshingamateka ikorana igatora kumukurako icizere.

Uko iryo tora ryagenze vyari vyitezwe cane, ariko hasigaye kumenya ibizokurikira ku mugambi wo kuva mu bumwe bwa Bulaya.

Imbere y’iryo tora, Theresa May yari yabanje kugabisha abashingamateka ko umuryango w’ubumwe bwa Bulaya ushobora kudatanga akandi karyo k’iyindi nzira.

Intumwa z’Ubwongereza n’ubumwe bwa Bulaya zemeranije mu kwezi kwa cumi na kumwe ingene iva ry’Ubwongereza muri uyo muryango rizogenda inyuma y’ibiganiro bitari vyoroshe. Mu gihe inama nshingamateka ibitesheje agaciro ntawuzi ibigiye gukurikira.

May afise gushika kuwa mbere uza gutanga ikindi ciyumviro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG